Uganda 2021 elections : Museveni aracyari imbere mu majwi yo mu matora aheruka

Politiki

Ni umusi wa kabiri ibyavuye mu matora yo ku wa kane birimo kubarurwa muri Uganda, aho Perezida Yoweri Museveni amaze imyaka 35 ku buyobozi yari amaze igihe ahanganye n’umunyamuziki wahindutse umunyapolitike Robert Kyagulanyi, uzwi kw’izina rya Bobi Wine.

Perezida Museveni w’imyaka 76 ari imbere ku majwi 5.303.831, ni ukuvuga 58%, mu gihe uwo bahanganye Bobi Wine afise 3.119.965 (34%) nk’uko bitangazwa na Komisiyo y’Igihugu y’Amatora muri Uganda.

Mu majwi amaze kubarurwa, Museveni akomeje kuza imbere

Gusa n’ubwo ibarura ry’ibyavuye mu matora bigikomeje, Bobi Wine yari yatangaje ko atemera ibyavuye muri aya matora, anavuga ko ari we wayatsinze.

Avuga ko aya matora ari yo “yaranzwemwo ubusuma burenze urugero mu mateka ya Uganda”, ariko akaba nta kimenyetso na kimwe yatanze cyerekana ibyo yavuze.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *