Venus: NASA itangaza ko igiye gukora ingendo nshya ebyiri kuri uwo mubumbe

Ibidukikije

Ikigo ca Amerika gishinzwe kwiga ibijyanye n’ikirere (NASA), kivuga ko kigiye gukora ingendo ebyiri kuri Venus mu ntumbero yo kwiga ikirere n’imimerere y’ubutaka bwayo (geology).

Izi ngendo, zitezwe gukorwa hagati y’imyaka ya 2028 na 2030, zikaba zateguriwe amadolari imiriyoni 500 kuri rumwe rumwe.

Umukuru wa NASA Bill Nelson avuga ko izi ngendo zizaba uburyo bwo kwiga neza uwo mubumbe bataherukagaho mu myaka irenga 30.

Urugendo rwa nyuma ruheruka kuri uwu mubumbe ni urwakozwe mu mwaka wa 1990 n’icyogajuru Magellan.

Izi ngendo zizoba hagati y’imyaka ya 2028 na 2030

Hagati aho, hari ibindi byogajuru byagiye bizenguruka mu kirere yawo kuva icyo gihe.

Izi ngendo zateguwe nyuma y’ubushakashatsi bw’abahanga batandukanye,  n’akarusho zishobora kuzana mu bijanye n’ubuhanga hamwe n’ibikenewe mu myiteguro yazo.

Umukuru wa NASA Bill Nelson yamenyesheje izi ngendo ejo ku wa gatatu

Nelson ati: “Izi ngendo ebyiri zifite intumbero yo gutahura imimerere Venus yabaye nk’isi y’umuriro, ishobora gushongesha ubutare bwa plomb”.

Venus ni wo mubumbe uza ubwa kabiri uvuye ku zuba, ukaba ari wo wa mbere ufite ubushyuhe bwinshi kurebza indi mibumbe yose izenguruka ku zuba, ukaba ufite ubushyuhe bwa 500 °C – ubushyuhe bushobora gushongesha ubutare bwa plomb/lead.

Urugendo rwa mbere rwiswe Davinci+ (impfunyapfunyo y’icongereza ivuga ‘Deep Atmosphere Venus Investigation of Noble gases, Chemistry, and Imaging’), ruzaba ari urwo gupima ikirere cy’uwu mubumbe kugira ngo bamenye igihe cyatangiye n’igihe cyabayeho.

Ruzaba kandi ari urwo kumenya niba Venus yaba yarigeze kugira ibahari.

Bitegekanijwe ko Davinci+ izorungika amasanamu ya hafi cane y’uwu mubumbe yerekana ibigize inyubako yawo, bikazotuma abahinga bawugereranya n’imigabane y’isi.

Urugendo rwa kabiri rwiswe Veritas (impfunyapfunyo y’icongereza ya ‘Venus Emissivity, Radio Science, InSAR, Topography, and Spectroscopy’), ruzotanga igicapo c’ubuso (surface) bw’uwu mubumbe kugira ngo bamenye kahise kawo, ingene wabayeho n’igituma utandukanye cane n’umubumbe w’isi.

Hazokoreshwa uburyo bwa radar mu kwerekana udusozi twawo no kureba niba hari ibirunga na za n’imitingito bikiwubaho.

Tom Wagner wo mu gice cya NASA gishinzwe imibumbe, avuga ati: “Biratangaje kubona nta bintu byinshi tuzi kuri Venus, ariko ibizava muri izi ngendo zombi bizatwereka neza uwo mubumbe icyo ari cyo, kuva ku bicu ukajya ku birunga kugera no mu nda yawo”.

Yongeyeko ati: “Bizamera nk’aho dusubiye kuvumbura uyu mubumbe”.

Src: BBC

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *